Amakuru
20 janvier 2023

Umugambwe CNDD-FDD uhamagarirwa kwubahiriza agateka ka zina muntu mu gihugu cose

Indongozi z’igihugu zisabwa kwubahiriza agateka ka zina muntu ku munyagihugu wese hatitaweho amamuko, ubwoko, imigambwe canke igitsina. Ivyo bisabwa n’umwungere mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Bonaventure Nahimana. Akaba yabishikirije kuri uyu wa kane mu nkuka ya misa yuguruye amasengesho yo gushima yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD, amasengesho azomara iminsi itatu.