Amakuru
4 janvier 2022

Umugambwe CNDD-FDD ntiwitandukanya na leta kandi bitera ingaruka nyinshi

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ntiwigeze ushaka gukorana n’iyindi migambwe kugira igihugu gitere imbere. Ibi biri mu mwihwezo urunani rw’abatavuga rumwe na leta (CFOR-Arusha) rwagize inyuma y’umwaka dusozereye w’2021. Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, akabivuga afatiye ku kuntu abanywanyi b’iyindi migambwe, na cane cane abari mu mugambwe CNL, bapfungwa eka bakanagandagurwa.