Journal
16 août 2024

Umugambi wo kurwanya indwara y’ibihara vy’inguge ku miliyaridi 42 ntutahuritse

Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu buheruka kwemeza amafaranga yababa imiliyoni 14 z’amadolari y’Abanyamerika bukeneye ngo burwanye akaranda k’ibihara vy’inguge. Ubwo bushikiranganji bwafashe iyo ngingo inyuma y’ukwemeza ko iyo ndwara yibonekeje mu mihingo itandukanye y’igihugu.