Akamo k’umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye ahamagarira abakozi ba leta ino ndwi yose gukorera isuku ibigo bakoreramwo, kakurikijwe ahatari hake mu gisagara ca Bujumbura. Intumbero ngo ni iyo kugira igisagara ca Bujumbura kirangwemwo isuku. Umukuru w’Igihugu akaba yifatikanije kuri uyu wa mbere muri ivyo bikorwa n’abanyagihugu bo muri quartier Gikoto muri zone ya Musaga. Yamara umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP-Burundi Buhire ubona ko iyo ngingo y’umukuru w’Igihugu iteye isoni kandi ari iyo gusamaza abantu, ngo ni ingingo izokwica vyinshi kurusha ivyo izokiza. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire, asanga mbere iyo ngingo iteye kubiri n’umugambi wa leta w’igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060.
Amakuru
14 août 2024