Amakuru
12 juillet 2023

Umugambi werekana ingene abanyagihugu babayeho wofasha kwitaho ibibazo bibahanze

Harakenewe gushirwaho mu Burundi umugambi w’igihugu werekana ingene abanyagihugu babayeho, na rirya muri kino gihe irwirirana ry’abantu riri ku murindi udasanzwe. Akamo gaterwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, mu gihe kuri uyu wa 11 Mukakaro amakungu ahimbaza umunsi wahariwe irwirirana ry’abantu kw’isi. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu, aribaza ingene u Burundi buzomenya ivy’abanyagihugu bakeneye mu gihe ata mugambi ujanye n’ukumenya ibibahanze uhari.