Amakuru
23 octobre 2023

Umugambi Football for Schools watangujwe mu Burundi bubaye igihugu kigira 100 kiwufise (Infantino)

Uburundi bubaye igihugu kigira ic’ijana cahiswemwo n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi kugira kirangurirwemwo umugambi wo guteza imbere urukino rw’umupira w’amaguru mu mashure (Football for Schools). Ibi ni ivyamenyeshejwe na Gianni Infatino, arongoye ishirahamwe FIFA. Hari mu rugendo yagize mu Burundi ku munsi wa gatandatu itariki 21 Gitugutu. Bikaba vyavuzwe mu birori vyo gutanguza uwo mugambi vyabereye kuri stade Urunani y’i Buganda mu ntara ya Cibitoke.