Amakuru
6 avril 2024

Ukwunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe umuyagankuba kugiye gutangura mu Burundi (E. Nyandwi)

Mu minsi iri imbere Uburundi buzotangura gukoresha imiduga igendeshwa n’umuyagankuba. Uwo mugambi watangajwe kandi utanguzwa ku munsi wa kane n’ubushikiranganji bw’Ukwiyunguruza. Hari mu nama yari yatumiwemwo abakorera muri ico gisata. Edouard Nyandwi, umuyobozi w’ukwiyunguruza hagati mu gihugu, avuga ko ivyo bizotangurira ku mapikipiki na za Tuktuk, hanyuma bitandukire imiduga iremereye kurusha, na cane cane iyunguruza abantu n’ibintu. Edouard Nyandwi agasigura ko gukoresha ivyunguruza abantu bikoresha umuyagankuba bifise inyungu nyinshi, na cane cane kutonona ikirere n’uko bitwara uburyo buke.