Amakuru
7 avril 2022

Ukwumvikana kw’Uburundi n’Urwanda kwofasha mu kubandanya amatohoza ku rupfu rwa Ntaryamira

Ukudindira mu bijanye no gutohoza ku rupfu rw’uwahoze arongoye Uburundi Cyprien Ntaryamira ngo ni kimwe mu bituma imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itagenda neza. Ivyo bishikirizwa na Pierre Claver Nahimana, umukuru w’umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Yabivuze ku munsi wa gatatu, mu gihe bwaca hahimbazwa imyaka 28 iheze uwahoze ari umukuru w’Igihugu Cyprien Ntaryamira apfuye bivuye kw’ikororwa ry’indege yarimwo, ari kumwe n’umukuru w’Igihugu c’Urwanda Juvénal Habyarimana. Pierre Claver Nahimana akabona ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri iriko iranagurwa izotuma ivyo bihugu bibiri vyicarira ico kibazo.