Amakuru
12 février 2022

Ukwubahiriza ubuzima no gutwarira bose, ivyo ni bimwe mu vyo uwuserukira Papa mushasha yiyemeje

Uburundi bwaraye bushikirijwe intumwa nshasha ya Papa. Akaba yitwa Musenyeri Dieudonné Datonou, yamuka mu gihugu ca Bénin. Akaba yakiriwe muri cathédrale Régina Mundi i Bujumbura. Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru, Musenyeri Dieudonné Datonou yiyemeje kuzofasha kwubahiriza kiremwa muntu hamwe n’intwaro ibereye.