Amakuru
23 janvier 2023

Ukwubahiriza ibandanya ry’ubutegetsi ntikubuza kugorora ibitagenze neza

Abategetsi b’Uburundi barakwiye kumenya gutandukanya inzego z’igihugu n’abantu bazirongora, kuko ivyo bituma bajuragirika ku bijanye n’ingene inzego zibandanya zikora mu gihe uwutwara ahindutse. Bivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, yabivugiye mw’ikoraniro ry’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Nzero 2023. Akavuga ko yiteguriye guhindura amasezerano yose yakozwe nabi.