Amakuru
24 mars 2022

Ukwivanga kw’umugambwe CNDD-FDD mu butegetsi bw’igihugu gufise ingaruka mbi nyinshi

Abajejwe intwaro n’abarongoye umugambwe bahawe itegeko ryo kuvuga rumwe muri vyose. Iryo tegeko ryatanzwe n’umukuru w’Inama nshingamateka. Gélase Daniel Ndabirabe yabivugiye mu Kirundo aho yahura n’abarongoye intwaro muri iyo ntara. Yamenyesheje ko igihe vyoshika hakagira aho batumvikanye, ku rwego urwo ari rwo rwose rw’intwaro, ko umwe ategerezwa guca atanga imihoho. Kubw’umuhari nkundabikorwa MAP-Burundi Buhire, ivyo vyerekana ukwivanga kw’umugambwe uri ku butegetsi.