Amakuru
23 septembre 2022

Ukwirukana abana bo mu makambi ya Mulongwe na Lusenda mu mashure ni akarenganyo

Ibiriko biraba ku bana b’abanyeshure bari mu makambi y’impunzi ya Lusenda na Mulongwe ni ibintu bibabaje cane, mu gihe babuzwa kwiga kandi isi yose yarahagurutse kugira umwana wese yige. Bivugwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Ivyo akabivuga mu gihe abo banyeshure babujijwe kuva ku munsi wa mbere kwiga kubera ishirahamwe HCR ritabarihiye amafaranga y’ishure. Léopold Sharangabo agasaba HCR na leta ya Congo kugira bumvikane hanyuma agteka k’abo bana ko kwiga kubahirizwe.