Cancer ifatira mu rwinjiriro rw’igitereko irabangamiye cane abakenyezi n’abigeme muri rusangi, na cane cane abagendana umugera wa SIDA canke bari mu bukene bwinshi. Ivyo bisigurwa na muganga Sylvestre Bazikamwe, avura indwara za cancer. Hari kuri uyu wa kabiri igihe ishirahamwe ANSS ryitaho abagendana umugera wa SIDA ryatanguza isekeza ryo guhimiriza abakenyezi kwipimisha iyo ndwara. Jeanne d’Arc Kabanga, umuyobozi nshigwabikorwa wa ANSS, avuga ko batanguje iryo sekeza kubera bamaze kubona ko abarenga 20 bagiye kwipimisha iyo ndwara basanze igeze kure bimaze kugorana ko bayivura.
Amakuru
9 mars 2023