Amakuru
20 janvier 2023

Ukwinjiza abarwanyi b’incangero muri Congo kurateye amakenga bamwe mu bariko barafasha

Umukuru w’Igihugu ca Congo Félix Tshisekedi asa nk’uko ari we asigaye ari ikibazo kugira haboneke umuti ku ndyane ziri mu buseruko bwa Congo, mu gihe inyifato yiwe iterekana ugushaka ko ikibazo gihera. Uyo ni umwihwezo wa Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akaba n’uwukwirikiranira hafi ikibazo ca Congo. Umuhari wa M23 ukaba umaze gutera intambwe mw’ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe n’abakuru b’ibihugu b’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Uwo muhari kandi ukaba uriko uraganira n’umuhuza muri ayo matati, mu gihe umukuru w’Igihugu ca Congo, we, n’ubu atarashaka kwerekana aho ahagaze, nyabuna abandanya kwinjiza abarwanyi b’abacangero, bikaboneka ko ariko aritegurira intambara, ivyo vyose bigatera amakenga.