Amakuru
4 janvier 2023

Ukwikura kw’Uburundi mu masezerano y’i Roma ntaco guhindura ku matohoza ya CPI

Amajambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’Igihugu aho amenyesha ko ata Murundi azokurikiranwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, kuko Uburundi bwavuye mu masezerano y’i Roma yashizeho iyo sentare, ngo ni amajambo ya politike. Vyemezwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’Abarundi bakorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Umushingwamanza Lambert Nigarura amenyesha ko kuba Uburundi bwarikuye muri ayo masezerano ata co bihindura mu matohoza yatangujwe na CPI kuva ku wa 26 Ndamukiza umwaka w’2015 gushika ku wa 27 Gitugutu umwaka w’2017, imbere y’uko Uburundi buva muri ayo masezerano.