Amakuru
29 janvier 2022

Ukwigisha urwaruka ivya gisirikare bifise intumbero yo gusambura igihugu

Inyigisho za gisirikare umugambwe CNDD-FDD ushaka gutanga ku rwaruka ni ikindi kimenyetso cemeza ko umugambwe uri ku butegetsi ufise umugambi wo gucinyiza urwaruka rw’Uburundi. Ico nico kandi gituma Uburundi buba ubwa nyuma mu butunzi kw’isi. Ivyo bivugwa na Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP-Burundi Buhire, inyuma y’aho umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo ashikiririje mu ntara ya Ruyigi ko bagiye kwigisha Imbonerakure kugira zizoje gufasha mu bindi bihugu. Hari kuwa 15 Nzero 2022.