Amakuru
31 janvier 2023

Ukwiba amatora no gushikiriza amajambo atagira ibikorwa, biri mu bibangamiye igihugu

Bimwe mu bizingamitse igihugu c’Uburundi, ni ukubona haheze imyaka haba amatora y’ubusuma agashikana ku butegetsi abatayatsinze. Ivyo binegurwa na Alexis Sinduhuje, arongoye umugambwe MSD, abicishije mw’ijambo yashikirije mu mpera z’indwi iheze. Akaba kandi yaraneguye amajambo yama ashikirizwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, akayafata ko ari ayo gusinziriza Abarundi, mu gihe uyu munsi igihugu gikeneye impinduka yotuma abanyagihugu babaho neza kandi mu mwidegemvyo.