Amakuru
18 novembre 2021

Ukwemanga ubwicanyi buba mu Burundi kwa CNDD-FDD kurafasha gutahura ivyo mu gihugu

Nta gihugu na kimwe gishira imbere amahoro mu kwica abanyagihugu baco. Umurundi si ikiremwa c’umuntu, ni ikiremwa c’Imana. Aya majambo ni ayashikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Akabivuga afatiye ku majambo Reveriyano Ndikuriyo, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yashikirije ku munsi w’ejo, aho uwo mugambwe wariko uhimbaza umunsi w’umurwanyi, avuga ko uwuhirahiye akiyumvira guhungabanya umutekano aca yicwa. Frederiko Bamvuginyumvira akabona ko nyabuna uwo mugambwe wowo intumbero yawo ari ukwica abantu ata muntu abakorerako.