Kwima ubuhungiro Abarundi baheruka guhungira mw’ikambi ya Nakivale iri mu gihugu c’Ubuganda ni uguhonyanga amasezerano agenga impunzi ico gihugu cishiriyeko umukono. Bivugwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Léopold Sharangabo ashikiriza ko ingingo ya 14 y’amasezerano y’i Genève yo mu mwaka w’1951 avuga ko umuntu wese afise uburenganzira bwo guhunga n’ugusaba ubuhungiro kandi akanabuhabwa. Abivuze inyuma y’aho Abarundi barenga 200 bamaze ukwezi kurenga baturatura kubera Ubuganda bwabimye ubuhungiro.
Amakuru
2 juin 2022