Amakuru
27 octobre 2022

Ukuvuguruzanya kw’abategetsi ku biciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI kurajuragiza abanyagihugu

Hari ingendo z’abategetsi zijuragiza abanyagihugu. Muri zo, hari nko kuvuguruzanya hagati y’umushikiranganji w’Ubudandaji n’umushikiranganji wa Mbere. Marie Chantal Nijimbere yaraye ahaye uburenganzira ububare bugezweho kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI, kandi mu minsi iheze Gervais Ndirakobuca, we, yari yavuze ko ububare bwose, harimwo n’ubwo bugezweho, butegerezwa kudandaza ivyo binyobwa ku giciro kimwe. Iyo ngendo rero iranegurwa n’urunani rwa politike CFOR-Arusha. Fréderic Bamvuginyumvira arurongoye, akavuga ko abategetsi botegerejwe gufata ingingo babanje kwumvikanako.