Amakuru
21 septembre 2022

Ukutubahiriza isango ryo gutangirako imisegetera gutuma abanyagihugu bihebura

Isekeza ryo guha imisegetera abanyagihugu riratera agashavu abatari bake. Abajejwe kuyitanga batanga isango batubahiriza. Ivyo na vyo ntibigwa neza ababarindira bamara amasaha n’ayandi, kandi bashobora kuba baraja gukora ibindi. Akarorero ni nko ku Mutakura, mu gisagara ca Bujumbura, aho abahaba bari basabwe kuzindukira kw’ishure shingiro ry’aba Kibanguistes riri kw’ibarabara rya mbere. Abaje gutora imisegetera agashavu karaniga, nk’uko babibwiye bagenzi bacu bo kuri RTNB.