Amakuru
8 septembre 2023

Ukutaronka ingurane z’amabanki bituma amahinguriro adashobora gushingwa no gukora neza

Amashirahamwe mato mato n’ayabayabaye afise ikibazo c’ingene ashingwa canke ingene akora kubera ubukene bw’ingurane z’amabanki. Izo banki na zo nyene ubwazo zivuga ko zisanganywe ubukene bw’amafaranga akwiye kugira zishobore gutanga ingurane, n’iyo ziyatanze zigashiraho amategeko atorohereza abazisaba. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta akaba ahumuriza ko ico kibazo gishobora gutorerwa inyishu biciye mu guhimiriza amashirahamwe mpuzamakungu n’amabanki yo hanze ashobora gufasha muri ico gikorwa. Audace Niyonzima akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu nama yakoranye n’abaserukira amabanki n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.