Amakuru
6 décembre 2023

Ukutaronka ideni mu mabanki kuri mu bituma hatarangurwa ibikorwa vy’iterambere (ABEF)

Ubutunzi bw’igihugu bwahungabanijwe n’ibihuhusi vyaciye kw’isi yose nk’ikiza ca Corona hamwe n’intambara iriko irahuza Ukraine n’Uburusiya. Bisigurwa na Roger Guy Ghislain Ntwenguye, arongoye ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi, hari kuri uyu wa 4 Kigarama hahimbazwa umunsi waharariwe amabanki, uhimbajwe ku ncuro ya kabiri mu Burundi. Ikindi ni ibibazo Uburundi bwisangije harimwo kutagira ivyimburwa vyo gushora hanze hamwe no kutaronka ideni ku rwego rwofasha kurangura imigambi. Icizere afise ariko ni uko hagiye gutangura gukora ingomero z’umuyagankuba zibiri bikazofasha gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi buzokoreshwa mu buzi bwa leta.