Amakuru
19 juin 2021

Ukurwanya igiturire mu Burundi ni igikorwa gisaba gufatirwa ingingo za ruhasha

Ukurwanya igiturire mu Burundi ngo ni igikorwa gisaba gufatirwa ingingo za ruhasha kuko harimwo abantu bakomeye mu gihugu. Umukuru w’igihugu arakwiye kurondera abamufasha babishoboye bafise ubushobozi bwo kurwanya uwo mugera w’igiturire. Ivyo bishikirizwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye, mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe muri ico gisata n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, inyuma y’umwaka uheze ari ku butegetsi.