Ni ubwa mbere mu mateka y’igihugu n’isi haba ukunyinyurana hagati y’ubutungane bushigikiye ukudahana, n’umukuru w’Igihugu we ashaka ko ubutungane butunganiriza abanyagihugu. Ukwo ni ko Evariste Ndayishimiye agaya ingendo y’ubutungane mu Burundi. Yabivuze mu mpera z’indwi iheze, igihe abagize Sentare ntahinyuzwa bashasha bariko bararahira. Mu gusigura igituma ari bo batowe, umukuru w’Igihugu akaba yibukije ico bajejwe gukora, hamwe n’ivyo bategerezwa kugenderako, nk’uko vyanditswe mw’Ibwirizwa shingiro.
Amakuru
16 août 2023