Amakuru
14 juillet 2022

Ukunyuruza abantu, gukorwa n’inzego za leta, ntihagire n’umwe akwirikiranwa

Umwaka uraheze Elie Ngomirakiza anyurujwe, akaba yari arongoye umugambwe CNL muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Imodoka yariko aratwara yo mu bwoko bwa benne yarahagaritswe na pick-up ya gisirikare igihe yari itwaye amatafari. Iyo pick-up ikaba yari iy’uwurongoye ikambi y’122 Aron Ndayishimiye yakorera mw’ishamba rya Rukoko. N’aho amashirahamwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye batabarije uwo mugabo, baba abajejwe intwaro canke abajejwe ubutungane, nta n’umwe yigeze afasha kugira Elie Ngomirakiza aboneke. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, akaba asaba ubutungane kuri uyo munyepolitike yafashanya kandi n’abaharanira agateka ka zina muntu mu kudoma urutoke ku bahungabanya agateka ka zina muntu.