Amakuru
31 août 2022

Ukunyuruza abantu bakaburwa irengero kwariyongereye mu myaka 2 Ndayishimiye amaze ku butegetsi

Abantu barenga 80 baranyurujwe baraburwa irengero muri ino myaka ibiri Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Biri mw’ikete ishirahamwe FOCODE ryandikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa 30 Myandagaro, usanzwe ari umunsi wahariwe abanyurujwe bakaburwa irengero. Pacifique Nininahawe, arongoye FOCODE, yibutsa umukuru w’Igihugu ko benshi muri abo banyuruzwa bazira ivyiyumviro vyabo kandi bakanyuruzwa n’inzego z’igihugu.