Amakuru
28 novembre 2022

Ukumenyesha amakuru avuye mu matohoza kurakenewe cane kugira agire akanovera

Amakuru y’ibimenyeshamakuru mu Burundi nta kanovera agifise, kubera umwuga w’ukumenyesha amakuru ata matohoza akirimwo. Ivyo binegurwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Yabishikirije ku munsi wa gatandatu uheze i Gitega igihe hariko hasozerwa inama rukokoma yo kumenyesha amakuru. Mu vyo Faustin Ndikumana yaterereye, hakaba harimwo ko umwuga wo kumenyesha amakuru wosubira ugakora amatohoza kuko ari nkenerwa cane.