Amakuru
25 mai 2022

Ukugandagura abantu no gufata ku nguvu abakenyezi, ubugizi bwa nabi buracari ndanse mu Burundi

Abantu 7 ni bo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, 5 bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, abandi 2 basinzikarizwa ubuzima. Ivyo bitigiri bitangwa n’ishirahamwe ligue Iteka mu cegeranyo gisohoka buri ndwi. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko bamwe mu Mbonerakure, bamwe mu bakozi b’iperereza hamwe n’abo mu ntwaro baguma baza kw’isonga mu bakora ubwo bubisha.