Amakuru
20 mars 2024

Ukudahana abapolisi bahohotera abantu gusasira indava iyo ngendo (PARCEM)

Turi itariki 20 Ntwarante, ukaba ari umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ihohotera rikorwa n’abapolisi. Uwo munsi ukaba ushitse iryo hohotera rikorwa cane mu Burundi. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo rivuga ko kuva mu kwezi kwa Nzero uno mwaka rimaze guharura incuro zababa 50 aho abapolisi bahohoteye abantu mu Burundi. Faustin Ndikumana arirongoye akavuga ko iyo ngendo y’abo bapolisi ituruka ku mvo nyinshi, harimwo kutemera gutwarwa n’abacivils, hamwe no gushaka ibiturire ku banyagihugu. Faustin Ndikumana abandanya avuga uburyo iyo ngendo yotorerwa umuti. Kuri we hoba cane cane inyigisho zikwiye ku bapolisi, hanyuma uwakoze amakosa akayahanirwa, ngo kuko akenshi barayakora bikijana.