Amakuru
20 juin 2024

Uko ubutegetsi bwa Nkurunziza bwakingira abicanyi, ni kwo n’ubwa Ndayishimiye bwabandanije (FOCODE)

Abantu barenga 120 ni bo bamaze guharurwa n’ishirahamwe FOCODE ko babuzwe irengero mu myaka ine iheze Évariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe riharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Uwo ahagarariye kandi isekeza Ndondeza, ryatangujwe rigamije kurondeza ababurwa irengero, avuga kandi ko prezida Ndayishimiye akigera ku butegetsi, yasa n’uwuje agamije guhagarika ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryari ryibonekeje cane ku butegetsi bw’uwo yasubiriye Petero Nkurunziza, ariko biraheza bimara umwanya urume rumara.