Amakuru
30 juillet 2024

Uguturubika abantu kubera ivyiyumviro vyabo, Ndadaye yagwanya, ni vyo bisasiwe indava (FRODEBU)

Akarenganyo n’ubwicanyi bufatiye ku vyiyumviro vya politike umugambwe Sahwanya-FRODEBU wiyemeje kugwanya kuva ugikorera mu kinyegero n’ubu biracahari. Bivugwa na Patrick Nkurunziza, arongoye uwo mugambwe. Hari ku munsi w’Imana aho uwo mugambwe wari uramutse uhimbaza imyaka 32 iheze wemerewe gukorera ku mugaragaro. FRODEBU ikabona ko uno munsi aho Uburundi bugeze ari nk’aho bwari buri mu mwaka w’1992 uwo mugambwe wemererwa gukora.