Amakuru
5 janvier 2022

Ugutaha kw’impunzi kuva ku bikorwa bizereka ko zifise umutekano

Akamo k’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ku mpunzi ngo zitahe ntaco kamaze, kubw’umugambwe w’ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Jérémie Minani, awurongoye, avuga ko icatumye Abarundi bamwe bahunga igihugu n’ubu kigihari, eka ngo n’abariye umutima amenyo bagatahuka bamwe muri bo baca banyuruzwa n’inzego za leta bakaburwa irengero. Ahanura umukuru w’Igihugu gukora ivyogarukana icizere gutyo bigatuma impunzi zifata zonyene ingingo yo gutaha. Akaba abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu atereye akamo impunzi ngo zitahe mw’ijambo ryiwe riheza umwaka twaraye dusozereye.