Amakuru
25 juin 2022

Ugusubiramwo amategeko agenga abakozi gukwiye kuba akaryo ko gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara

Hamwe leta yoshira imbere kurwanya ubusumbasumbane bw’imishahara mw’isubirwamwo ry’amategeko agenga akazi, vyoba ari vyiza. Bivugwa na Eulalie Nibizi, yahoze ari mu ndongozi mu mashirahamwe aserukira abakozi. Akabona ko impinduka zose leta yoshiramwo, yokwibuka kuziganirako n’abo zega kugira ejo ntihazobe ingorane.