Amakuru
30 juillet 2024

Ugushira hamwe kw’Abarundi aho bari hose ni kwo gutuma bagumana akaranga

Birakwiye ko Abarundi bose, iyo bari hose, bagumana akaranga kabo, na cane cane ku bana bakiri bato baba bavukiye mu mahanga. Ni co cakoranije Abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi mu mpera z’indwi iheze, mu birori vyari bigizwe n’amahiganwa mu nkino zitandukanye nka basketball na ping-pong hakurikira ibiganiro. Corneille Ndikuriyo, yari arongoye ivyo birori, amenyesha ko bashoboye no kwakira abandi Barundi bagiye vuba muri ico gihugu kugira bakomeze ubucuti hagati yabo.