Amakuru
16 juin 2021

Ugushaka kwa Tanzaniya ko impunzi z’abarundi zitaha ku nguvu

Inyifato y’igihugu ca Tanzaniya yo guhohotera impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’ico gihugu ngo nta kindi igamije atari ugushaka ko impunzi z’abarundi zotaha ku nguvu. Ibi bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi CBDH/VICAR. Urwo runani rukabishikiriza inyuma y’aho mu mpera y’indwi iheze, benshi mu mpunzi zo mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihe hariko haraba amatora y’uwuzorongora iyo kambi. Léopold Nsharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’ayo mashirahamwe, yaboneyeho no gusaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika gukurikirana ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.