Amakuru
14 février 2023

Ugusabikanya ubutegetsi hisunzwe ubwoko kwatumye indyane zigabanuka, kugukuraho kwozana ubwoba

Ugukura mw’Ibwirizwa nshingiro ingingo itegekanya iyubahirizwa ry’ibitigiri bishinga uko amoko aserukirwa mu nzego kwohava gusubiza Uburundi mu ndyane z’amoko. Uko ni ko umugambwe Uprona wemewe n’ubutegetsi ubibona. Olivier Nkurunziza, awurongoye, amenyesha ko ingendo yo gusangira ubutegetsi ku bwoko yari ikwiye kuja no mu bindi bisata. Ivyo yabishikirije inyuma y’aho umukuru w’Inama nkenguzamateka amenyeshereje ko Abarundi bomenyesha aho bahagaze kw’igumizwaho canke kw’ifutwa ry’iryo yubahirizwa ry’ibitigiri bishinga uko amoko aserukirwa mu nzego. Olivier Nkurunziza yavuganye na bagenzi bacu bo kuri Radio-Télévision Isanganiro.