Imvugo ya Révérien Ndikuriyo, arongoye umugambwe CNDD-FDD, ngo ni iyibiba urwanko mu Barundi, ikongera kandi igatesha agaciro ubumwe bw’Abarundi. Bikaba bishikirizwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Aho ni inyuma y’aho Révérien Ndikuriyo ashikirije ko Imbonerakure ari ba samuragwa b’igihugu. Imbonerakure zirenga 500 zikaba zariko zironswa impapuro ku nyigisho zo gukunda igihugu zari zimaze indwi zironswa.
Amakuru
4 mai 2022