Amakuru
22 février 2023

Ugukumira imirwi imwe y’Abacongomani ni co gituma haguma indyane zidahera

Ikumirwa ririko rikorerwa abanyagihugu baba muri chefferie y’Abarundi rigeze aho bababuza uburengenzira bwo gutora. Ukubankira ubwo burenganzira bakavuga ko ari mu ntumbero yo gushaka kubaka ubwenegihugu, nk’uko bimaze imyaka myinshi biri mu nteguro. Daniel Fikiri Gahungu, umunyagihugu wo muri ako gace ka Congo y’ubumanuko, asaba leta ya Congo kubakingira kuko hari Abacongomani bashaka kwerekana ko ari bo ari Abacongomani gusa, abandi ukamengo n’Abacongomani b’ibice. Akarorero atanga ni ako mu ndwi iheze aho hari akarwi k’urwaruka rw’Abafurero batangiriye umwami bakamubuza ko aja kwiyandikisha, mbere bakanakomeretsa umwe mu banyagihugu bari bamuherekeje, ubu ari mu bitaro.