Amakuru
3 septembre 2021

Uguhomba kwa ONATEL kwerekanye imvugo itabereye y’umukuru w’igihugu Ndayishimiye

Abakozi ba ONATEL bategerezwa gutaha iwabo kugira leta yifatire iryo shirahamwe. Ayo niyo majambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakoresheje kugira ashimangire ko leta ata mafaranga izoha abo bakozi kugira bishure ibirarane vy’imishahara basaba. Umukuru w’igihugu, mu mvugo y’agashinyaguro, yageze aho avuga ko atari abantu.