Kwigisha abana bakiri bato ibijanye n’agateka ka zina muntu no guhindura ingene abantu biyumvira ni vyo bishobora gutuma ubusumbasumbane hagati y’abana b’abakobwa n’abahungu buhagarara. Ni ko Ketty Nivyabandi, aharanira agateka ka zina muntu, abivuga, akanegura ko abana b’abakobwa babigisha ibikorwa vyo mu nzu no guteka ariko abana b’abahungu batabibigisha kandi bose bakenera kubaho neza. Agasaba ko kuva abana bakiri bato bose bobigisha bimwe ku rugero rumwe.
Amakuru
15 septembre 2022
