Amakuru
8 septembre 2023

Uguharira isoko ihinguriro FOMI kuri mu bituma haba ubukene bw’ifumbire

Nta mishamirano yari ikwiye kuba hagati ya leta n’ihinguriro FOMI. Hakwiye amatohoza yimbitse ku kungene amafaranga leta itanga kugira haboneke ifumbire akoreshwa, hanyuma leta igaha amahirwe abarwizatunga benshi muri ico gisata co gukora ifumbire. Ivyo bisigurwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Abivuze inyuma y’aho umushikiranganji wa Mbere atatiye abayobozi bamwe b’ihinguriro FOMI akabasohora mu nama yariko agirana n’abarimyi hamwe n’abajejwe intwaro. Hari mu mpera z’indwi iheze.