Amakuru
16 août 2024

Ugufatana mu nda kw’impunzi ni kwo gushobora kuzifasha kubaho (CBDH/VICAR)

Impunzi zihamagarirwa gufatana mu nda zirinde kugiriranira nabi. Ako kamo gaterwa n’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi. CBDH/VICAR ikaba ibivuze inyuma y’aho hari abakenyezi batatu baba mw’ikambi y’i Nyarugusu, muri Tanzaniya, baheruka gukubitwa barashaya n’urwaruka rw’Imbonerakure ruba muri iyo kambi nyene. Bakaba bahowe ko bari basohotse hanze y’ikambi.