Amakuru
4 juillet 2023

Ugufatana mu nda kw’Abarundi ni wo muti wo gushikira ukwikukira nyakwo

Abarundi ntibari bakwiye kuguma barabana mu moko biswe n’abazungu, bari bakwiye nyabuna kuyarengera bakunga urunani mu kwubaka igihugu. Ivyo bishikirizwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo ryiwe ryo guhimbaza umunsi mukuru wo kwikukira, hari ku wa 1 Mukakaro. Avuga ko n’aho hacibonekeza ingaruka z’umuzo w’abazungu, inyuma y’imyaka 61 Abarundi bakwiye kwicungera kugira izo ngaruka ntihagire ico zonona mu mibereho y’Abarundi.