Amakuru
31 mai 2023

Ugucanamwo kw’abanyepolitike gufatiye ku bwoko ni kwo kwatumye haba ubwicanyi mu 1965

Indyane zadutse mu mugambwe UPRONA inyuma y’igandagurwa rya Rwagasore ni zo zatumye haba ubwicanyi mu mwaka w’1965. Bivugwa n’umushakashatsi kuri kahise k’Uburundi, muganga Alphonse Rugambarara. Ahanura Abarundi kwemera ukuri kwabaye muri kahise nimba batipfuza ko ivyabaye bibandanya.