Amakuru
12 juillet 2024

Ubwicanyi n’akarenganyo vyarimonogoje mu mezi atatu aheze (Ligue Iteka)

Abantu 162 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe, 9 na bo baraborejwe igufa, hamwe n’abagera kuri 64 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka co mu mezi atatu aheze. Ku bwa Egide Havugiyaremye, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Iteka, ngo urwaruka rw’Imbonerakure, abajejwe intwaro, abakozi b’iperereza, abasirikare n’abapolisi ni bo batungwa agatoki mu bakekwa gukora ayo mabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.