Amakuru
19 août 2021

Ubwicanyi, gufata ku nguvu, kunyuruzwa, n’uguhagarikwa bidaciye mu mategeko birabandanya mu Burundi

Abantu 11 baragandaguwe, 3 baranyuruzwa, 2 bafatwa ku nguvu, hamwe n’abandi 28 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka c’indwi iheze, nk’uko bivugwa na Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe. Ligue Iteka igasaba leta guhagarika abakora ayo mabi kugira ukudahana guhashwe mu Burundi.