Umuryango w’Abanyamwema uragandaye mu Burundi. Ni inyuma y’aho hiciwe babiri muri bo, umwana n’umukenyezi, bagatorwa ibiziga ku munsi w’Imana uheze muri komine Kigamba, mu ntara ya Cankuzo iri mu buseruko bw’Uburundi. Anicet Bangirinama, arongoye ishirahamwe Abanyamwema batagira imbibe, akavuga ko ata gikozwe Abanyamwema bashobora guhonywa mu Burundi. Avugana na bagenzi bacu bo muri radiyo Isanganiro, asaba ko Leta yokwongereza inguvu mu gukingira Abanyamwema.
Amakuru
3 février 2022