Amakuru
14 janvier 2023

Ubwicanyi bwariyongereye mu Burundi : abantu 463 baramenyekanye ko bagandaguwe mu mwaka w’2022

Amabi y’agahomerabunwa yariyongereye mu Burundi mu mwaka uheze. Ivyo bimenyeshwa n’ishirahamwe Iteka riharanira agateka ka zina muntu. Iryo shirahamwe rikaba ryasohoye icegeranyo c’uwo mwaka w’2022, aho ryerekana nk’akarorero ko abantu barenga 460 bishwe, abandi barenga 40 baranyuruzwa. Anschaire Nikoyagize, arongoye ligue Iteka, akavuga ko ivyo bitigiri biri musi kure y’ivy’abagiriwe amabi vy’ukuri.