Amakuru
16 juin 2023

Ubwicanyi bumaze guhitana impunzi 12 z’Abarundi mu mezi 18 mu Buganda burateye agahinda

Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi rurababazwa n’igandagurwa rya Alexis Nimubona, Umurundi yari yahungiye mu gihugu c’Ubuganda. Bivugwa na Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urunani CBDH/VICAR. Amenyesha ko ubwo bwicanyi bwabaye ndanse kuko Abarundi bashika 12 bahungiye mu gihugu c’Ubuganda bagandaguwe mu kiringo cababa imyaka ibiri.